Umutoza wa Argentine yemeza ko Messi azakina Igikombe cy'isi cya 2026

Umutoza wa Argentine yemeza ko Messi azakina Igikombe cy'isi cya 2026

 Nov 9, 2022 - 16:19

Lionel Scaloni utoza ikipe y'igihugu ya Argentine avuga ko Igikombe cy"isi cya 2022 kitazaba Igikombe cy'isi cya nyuma Lionel Messi akinnye.

Umutoza wa Argentine, Lionel Scaloni yiteze kuzabona Lionel Messi mu gikombe cy'isi cya 2026 aho uyu rutahizamu akanaba kapiteni wa Argentine azaba agize imyaka 39.

Lionel Messi we aherutse gutangaza ko iki gikombe cy'isi cya Gatanu agiye gukina kizaba aricyo cya nyuma akinnye, ariko umutoza we afite ikizere ko n'ubutaha azagaragara muri Leta zunze ubumwe za America na Canada aho Igikombe cy'isi cya 2026 kizabera.

Lionel Scaloni utoza ikipe y'igihugu ya Argentine

Lionel Scaloni yabwiye  CNN ati:"Ndizera ko ataricyo gikombe cy'isi cya nyuma kuri Messi. Arishimye mu kibuga ndetse aratuma n'abantu benshi bishima.

"Tumwitayeho tukamufata uko dukwiye kumufata, yakina indi mikino myinshi kuko isi ya ruhago irabishaka."

Hari abakinnyi bakiri mu myaka mito byitezwe ko bazaba bari mu ikipe y'igihugu ya Argentine mu 2026 nka Lautaro Martinez, Julian Alvarez, Paulo Dybala, Giovanni Simeone, Joacquim Correa n'abandi.

Mu 2016 Lionel Messi yatangaje ko asezeye mu ikipe y'igihugu ya Argentine nyuma yo gutsindirwa na Chile ku mukino wa nyuma wa Copa America, ukaba wari umukino wa nyuma wa kane atsinzwe mu ikipe y'igihugu harimo n'uwo batsinzwe mu gikombe cy'isi cya 2014.

Nyuma gato uyu mugabo yemeye kwisubiraho ku kemezo ke nyuma y'ubusabe bwa benshi, ndetse afasha igihugu ke kwegukana Copa America ya 2021 nyuma yo gutsinda ibitego bine akanatanga imipira yavuyemo ibitego muri iryo rushanwa ryabereye muri Brazil.

Messi yahesheje Argentine Copa America ya 2021

Ikipe y'igihugu ya Argentine igiye kwerekeza muri Qatar ari imwe mu makipe ahabwa amahirwe yo kwegukana Igikombe cy'isi, dore ko ubu imaze imikino 35 ikurikirana itazi uko gutsindwa bimera.