UEFA Champions League 2021: Liverpool, Manchester City na PSG bihanzwe amaso

UEFA Champions League 2021: Liverpool, Manchester City na PSG bihanzwe amaso

 Oct 19, 2021 - 06:48

Irushanwa ry’amakipe rikunzwe kurusha ayandi Uefa Champions League riragarika amakipe aresurana kahave.

Haraza kuba ari ku munsi wa gatatu w’irushanwa rya Uefa Champions League aho amakipe ari bube acakirana.

Imikino iri butangirire iyindi iraza guhera saa 18:45 z’umugoroba.

Besktas Fc iraza kwakira Sporting Cp

Undi mukino ni

Club Brugge irakira Manchester City.

Club Brugge nyuma yo gutsinda ibitego 2-1 ikipe ya Rb Leipzig ikananganya na Paris Saint Germain igitego 1-1 .

Uyu munsi iraza kuba yipima n’ikipe ya Manchester City nayo iherutse gutakaza umukino wayo na Paris Saint Germain.

Manchester City yitezweho gutsinda uyu mukino kuko usobanuye byinshi muri iri tsinda rya A aho ari iya 3 n’amanota 3 gusa. Mu gihe Paris Saint Germain na Club Brugge zinganya amanota 4 naho iyanyuma ikaba ari Rb Leipzig ifite ubusa bw’inota.

Indi mikino itegenyijwe ku isaha ya saa 21:00.

Paris Saint Germain yagaruye Lionel Messi irakira Rb Leipzig.

Kuri iyo saha ya saa 21:00  kandi Fc Porto irakira Milan Ac, Ajax irakira Borussia Dortmund.

Inter Milan irakira Sheriff Fc  iherutse gutsinda Real Madrid.

Shakhtar Donetsk irakira Real Madrid iherutse gutsinda na Fc Sheriff .

Naho umukino karundura uraza guhuza

Atlético Madrid iraza kwakira Liverpool.

Ni amakipe yombi yifuza kuzamuka muri iri tsinda ari iyambere.

Liverpool iherutse kunyagira ibitego 5 ikipe ya Watford yo muri Premier League yitezweho iri bukore ibitangaza muri iri joro mu gihugu cya Espanye.