Ikipe ya Chelsea yegukanye igikombe cy'isi

Ikipe ya Chelsea yegukanye igikombe cy'isi

 Feb 12, 2022 - 17:24

Chelsea yo mu Bwongereza yegukanye igikombe cy'isi nyuma yo gutsinda Palmeiras yo muri Brazil.

Ni igikombe cy'isi cyahuzaga amakipe yitwaye neza ku migabane yayo kikaba cyasojwe kuri uyu wa Gatandatu, aho cyaberaga muri Leta zunze ubumwe z'abarabu.

Chelsea yatangiriye muri kimwe cya kabiri aho yabashije gutsinda Al-Hilal igitego kimwe ku busa cyatsinzwe na Romelu Lukaku ku munota wa 32, ubundi abahungu ba Thomas Tuchel bahita bagera ku mukino wa nyuma.

Umukino wa nyuma wabaye kuri uyu wa Gatandatu, aho Chelsea yagombaga gukina n'ikipe ya Palmeiras yo muri Brazil mu mukino wabereye kuri stade yitiriwe Mohamed Bin Zayed i Abu Dhabi.

Ni umukino byasabye ko bitabaza iminota 120 kuko iminota 90 yarangiye amakipe yombi anganya igitego kimwe kuri kimwe. Romelu Lukaku yafunguye amazamu ku munota wa 55 ku mupira yari ahawe na Collum-Hudson Odoi.

Palmeiras ariko yaje kwishyura ku munota wa 64 kuri penariti yatewe neza n'umunya-Brazil Raphael Veiga ukina hagati mu kibuga.

Hongeweho iminota 30 rwabuze gica, ariko iminota igana ku musozo Kai Havertz yatsindiye Chelsea igitego kuri penariti yateye ku munota wa 117 maze Chelsea iba ibonye intsinzi kuri uyu munsi.

Chelsea yitabiriye iki gikombe nyuma y'uko yari yatwaye UEFA champions league itsinze Manchester City. Chelsea kandi yanatwaye UEFA super cup itsinze Villarreal yo muri Espagne.

Veiga yatsindiye Palmeiras igitego(Net-photo)

Lukaku na Havertz nibo batsindiye Chelsea(Image:The Sun)

Chelsea yegukanye igikombe cy'Isi(Net-photo)